Robert Patrick Misigaro
|
 |
 |
|
| Isanganya ku kibuga c'indege ca Kanombe |
Iyo ndege y'ishirahamwe ryo muri Kenya Jet Link ikoteshwa na Rwanda Air yari ivuye i Kigali mu Rwanda yerekeza Entebbe muri
Uganda.
Imaze umwanya mutoyi ivuye hasi, umudereva yamenyesheje ko hari ikibazo aca aragaruka asubiza indege hasi.
Ishitse hasi, hako yohagaze, yaciye yongereza umuvuduko ica iseka inyubakwa ishikiramwo abashitsi b'iteka ku kibuga c'indege
ca Kanombe.
Abantu icenda barimwo bakomeretse, umwe ahasiga ubuzima, umudereva akaba yakomeretse bikome; ariko gushika ubu icateye iyo
mpanuka ntikiramenyeka
|