BBCGreatLakes.com
Igiswahili
Afrika
 
Ayanyuma: 11 Ukwa cumi na 1, 2009 - 14:18 GMT
 
Sangira n,incuti   Ayasohoka neza
Kongo-Kinshasa: Isekeza ryo gukingira abana
 

 
 
Ubutegetsi bujejwe amagara muri Kongo bwatanguje gukingiza abana bari munsi y'imyaka itanu bashika ku miriyoni zibiri n'ibihumbi amajana atandatu.

Ingwara abo bana bakingirwa ni ingwara y'agasama canke iseru hamwe n'ubukangwe canke imbasa.

Umushikiranganji w'amagara yavuze yuko iri sekeza rizotumbereza intara zitatu ari zo Kinshasa, Bas-Congo na Kivu yo mu buraruko mu minsi itanu.

Ingwara y'ubukangwe yararanduwe muri Kongo-Kinshasa mu 2000, ariko ica isubira kwibonekeza mu 2006, ikaba yandukira mu kurya ibifungurwa canke kunywa amazi yanduye.

 
 
AMAKURU YA NYUMA
 
 
Sangira n,incuti   Ayasohoka neza
 
  Turi bande | Dutere akamo
 
BBC Copyright Logo ^^ Subira hejuru
  Amashakiro | Ikirere| Ibiganiro| Imirongo
 
  BBC News >> | BBC Sport >> | BBC Weather >> | BBC World Service >> | BBC Languages >>
 
  Mfasha | Wenyene