BBCGreatLakes.com
Igiswahili
Afrika
 
Ayanyuma: 06 Ukwa cumi na 1, 2009 - 17:25 GMT
 
Sangira n,incuti   Ayasohoka neza
Muri Amerika , Umusirikare yishe bagenzi be muri Texas
 
Ku kirindiro hiciwe abasirikare
Ku kirindiro hiciwe abasirikare
Muri Amerika mu kigo c'igisirikare ca Fort Hood ,umusirikare ,Major Nidal Malik Hasan yishe yongera akomeretsa bagenzi biwe

Abamenyeshamakuru bo mu mihingo yose y'isi ,bari imbere y'ugwinjiriro rwa Fort Hood ,muri iki gihe igisirikare ca Amerika cahariye uyu munsi ikigandaro c'abaraye bishwe .

Benshi bo muri Amerika bababajwe n'iryo rasa ryahabereye .
President wa Amerika Barack Obama, yavyise ibikogwa biteye ubwoba .

Abategetsi bo muri ico gihugu ,bavuga ko uwo mugabo w'imyaka 39 y'amavuka ,major Nidal Malik Hassan, yafashe arasa abasirikare, bariko baraheraheza imyiteguro imbere y'ugufata inzira ya Irak na Afghanistani .

Abarenga 40 yarabishe canke arabakomeretsa imbere yuko uwo mugabo araswa n'umupolisi w'umugore yari kuri ico kirindiro .

Amakuru menshi ariko aratangwa kuri uwo mu Major yihaye inkumbi .
N'umunyamerika w'umu Islamu .

Abamuzi bose bavuga ko yemera cane idini ryiwe, mugabo ngo nta butagondwa yari afise .

Ngo yari amaze imyaka 6 akorera mu kigo gifasha abasirikare ba Amerika ,batahuka bava mu turere tw'intambara .

Kandi bategekanya kumurungika gukorera muri Afghanistani ,mugabo ngo ntiyipfuza guhonyorayo .

 
 
AMAKURU YA NYUMA
 
 
Sangira n,incuti   Ayasohoka neza
 
  Turi bande | Dutere akamo
 
BBC Copyright Logo ^^ Subira hejuru
  Amashakiro | Ikirere| Ibiganiro| Imirongo
 
  BBC News >> | BBC Sport >> | BBC Weather >> | BBC World Service >> | BBC Languages >>
 
  Mfasha | Wenyene