|
Umukuru wa Guinea Equatoriale mu Burundi
|
|||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||
Urwo rugendo rw’umukuru wa Guinee Equatoriale ni urwo gusubiriza mu ndumane presida w’u Burundi Pierre Nkurunziza yagendeye
ico gihugu mu kwa mbere umwaka w’I 2007.
Mu biro vy’umukuru w’igihugu bavuga ko presida Obiang Ngema yagendanye n’abantu bashobora kuba barenga 30. ariko nta kini kizwi ku vyo inpande zompi zozobugana muri iyo minsi itatu.
Agishika ku kibuga c’indege , presida wa Gunee equatoriale yavuze ko hakwiye gukomezwa ugufashanya hagati y’ibuhugu vyo mu bumanuko bw’isi kuko abo mu buraruko babibesha mu kubiha imfashanyo babanje kubitegeka ivyo bitegerezwa gukora ariko nta vyinshi yavuze ku buryo ukwo gushanya kwomera. Igihe presida w’uburundi yagendewra Guinee , we ngo na mugenzi we bari bashize umukono kw’isemo ya mbere y’ugufashanya hagati y’ibihugu vyompi, ivyokorwa muri iyop nzira vyategerezwa kunonosorwa n’umurwi urimwo abaserukira ivyo bihugu, ico gikorwa kikazoshoora kubera hanmo I Bujumbura. Inzira imwe yo gufashanya ngo n’uko abarundi boja kuronderera akazi muri Guinee Equatoriale nko mu gisata co kwigisha ariko abantu baranibaza niba ico gihugu kiri mu vyambere vyimbura ibitoro vyinshi muri Agrica ataco cofasha uburundi. Mu vyo presida OBianh Nguema azogendera harimwo ishirahamwe rihingura isukari SOSUMO mu gihe hari umugambi wo kuyikura mu minwe ya leta ikaja mu y’abikorera ivyabo. Umukuru wa Guinee Equatoriale azogendera kandi ikibanza giherutse kuberamwo isanganya, aho igorofa yariko irubakwa ngo izobe
icicaro c’igihugu c’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi yasenyukira ku bakozi 14 muri bo bakahasiga ubuzima abarenga 50 bagakomereka. |
||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||
|
||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||
|
||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||