|
Leta y'u Burundi isigura icatumye yemeza integero y'itegeko ry'amatora
|
|||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||
Umuvugizi wa leta avuga ko abatayemera boyategerera mu nama nshingamateka yo iyafiseko ijambo rya nyuma
Mu kiganiro yahaye abanyamakuru, umunyambanga mukuru akaba n’umuvugizi wa leta Philippe Nzobonariba yagiye aragaruka kuri kimwe kimwe mu vyateye impari. Muri iyo nteguro yerekanye ko vyose vyahinyanyuwe hisunzwe ibivugwa n’ibwirizwa nshingiro ry’u Burundi. Kimwe mu vyahaririweko ni urutonde rw’ingene amatora azokurikirana, leta ikaba yabonye ko hotangura amatora y’umukuru w’igihugu, kuko ngo ariko biri mw'ibwirizwa shingiro. Pancrace Cimpaye aserikura ikinyamakuru ariko akanaba n’umuvugizi w’umugambwe Sahwanya Fodebu yavuze ko atari uko biri. Ngo mu matora aheruka abashingamateka batowe imbere y'umukuru w'iguhugu ku buryo ikiringo cabo kizohera mbere. Ngo habanje rero gutorwa umukuru w'igihugu ikiringo cabo cohera batarasubira gutorwa, igihugu kikaguma ata nama nshingamateka gifise. Ikindi cateye impari n’uko leta yabonye ko ikarata yo gushira mw’isandugu ry’amatora itoba imwe ahubwo uwitoza wese bomukorera ikarata yiwe. Ngo habaye ikata imwe vyogora abanyagihugu b'Abarundi mu gihe benshi ngo batazi gusoma. Kuri ivyo umuvugizi wa FRODEBU, Pancrace Cimpaye, yatanze akarore avuga yuko mu 1961 Abarundi batoreye kw'ikarata imwe. Ngo mu gihe haciye imyaka 48 ntakuntu Abarundi boba barasubiye inyuma kuburyo ubu vyobananira. Uko bimeze kwose iyo nteguro yaremejwe n’inama nshikiranganji n’aho abashikiranganji baturuka mu mugambwe Sahwanya Frodebu bari basohotse. Umuvugizi wa leta akavuga ko muri leta ata migwi y’imigambwe ibayo, ngo yaba leta canke imigambwe itavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi bose bavuga ko baharanira kwubahiriza amategeko. Ariko ico batavugira hejuru n’uko babona ko uguhera ku matora y’umukuru w’igihugu ugatera umanuka n’uguhera ku makomine ugatera uduga bitogira ingaruka imwe ku majwi abazohiganwa bashobora kuronka. Inama nshingateka yo izokwemeza iyo nteguro niyo izogira ijambo rya nyuma. |
||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||
|
||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||
|
||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||