BBCGreatLakes.com
Igiswahili
Afrika
 
Ayanyuma: 14 Ukwa ndwi, 2009 - 18:04 GMT
 
Sangira n,incuti   Ayasohoka neza
Tharcisse Renzaho yakatiwe gupfungwa ubuzima bwose
 

 
 
Tharcisse Renzaho
Tharcisse Renzaho
Colonel Tharcisse Renzaho yari umukuru w'igisagara ca Kigali mu gihe c'itsembabwoko mu 1994

Sentare yavuze yuko afise uruhara runini mw'itsembabwo kuko nk'umukuru w'igisagara ca Kigali ngo yari afise ububasha bwinshi.

Sentare kandi yavuze yuko yacishije amatangazo kw'iradiyo ahimiriza abantu kuzibira amabarabara, bakarondera kandi bakica abatutsi.

Yaragirijwe kandi kuba yarategetse kwirukana no kwica abahungu mirongo itandatu b'Abatutsi bari binyegeje mu kigo gitwarwa n'ishengero.

Yahamwe n'icaha co gufata abagore ku nguvu kubera yuko ngo yahimirije abantu ku mugaragaro gufata ku nguvu abagore b'Abatutsikazi.

Uruhara yagize mu bwicanyi rwatumye leta zunze umwe za Amerika zimushira ku rutonde rw'abaronderwa cane, hakaba hariho agashimwe k'imiriyoni zitanu z'amadolari ku bari gufasha kumufata.

Yahavuye afatirwa muri Kongo-Kinshasa mu 2002 aca ajanwa i Arusha kuburanishirizwayo.

Iyi sentare yaragawe cane mu munsi iheze kubera ukwikwega kwayo mu guca imanza, bwana Renzaho akaba abaye uwugira 39 akatiwe.

Sentare y'i Arusha yagomba kuba yarahejeje ibikorwa vyayo mu mwaka uheze, ariko iheruka kwongerwa ikiringo ikaba izosozera ibikorwa mu mpera z'umwaka uza.

 
 
AMAKURU YA NYUMA
 
 
Sangira n,incuti   Ayasohoka neza
 
  Turi bande | Dutere akamo
 
BBC Copyright Logo ^^ Subira hejuru
  Amashakiro | Ikirere| Ibiganiro| Imirongo
 
  BBC News >> | BBC Sport >> | BBC Weather >> | BBC World Service >> | BBC Languages >>
 
  Mfasha | Wenyene