BBCGreatLakes.com
Igiswahili
Afrika
 
Ayanyuma: 02 Ukwa mbere, 2009 - 19:40 GMT
 
Sangira n,incuti   Ayasohoka neza
Leta y' Uburundi yarekuye abanyororo ba FNL
 
Abanyororo ba FNL 250 barekuwe
Abanyororo ba FNL 250 barekuwe
Inyuma y' inama y' abahuza mu kibazo c' amahoro mu Burundi, kumwe n' abakuru b' ibihugu vy' akarere yari yabahaye kushika kuwa 31/12/08, bimwe biramaze gukorwa.

Leta y' uburundi yari yerere abahuza kurekura abanyororo ba FNL bahowe ivyiyumviro vya politique.

leta yari yemeye kandi gushikiriza FNl ibibanza 33 mu nzego z' igihugu.

Ku ruhande rwayo FNL yari yemeye kwegeranya abarwanyi.

FNL yaetgerezwa kandi gutanga izina rishasha ryayo ridashira imbere ubwoko kugira ibone kwemeererwa nk'umugambwe.

izi mpande zompi ntizashoboye kuabhiriza iryo sango ryo kuwa 31/12/08.

Ariko mw' ijambo ryo kwifuriza abarundi umwaka mwiza, umukuru w' igihugu Petero Nkurunziza yamenyesheje ko abmaze gushika ku ntambwe mw' ishirwa mungiro ry' ivyo basezeranye.

Yaboneyeho akaryo ko kumenyesha ko yamaze gutegeka ko abanyororo bamwe ba FNL borekurwa

Mu vyo FNl yashingirako cane harimwo kurekura abanyororo yita aba politique.

 
 
AMAKURU YA NYUMA
 
 
Sangira n,incuti   Ayasohoka neza
 
  Turi bande | Dutere akamo
 
BBC Copyright Logo ^^ Subira hejuru
  Amashakiro | Ikirere| Ibiganiro| Imirongo
 
  BBC News >> | BBC Sport >> | BBC Weather >> | BBC World Service >> | BBC Languages >>
 
  Mfasha | Wenyene