BBCGreatLakes.com
Igiswahili
Afrika
 
Ayanyuma: 05 Ukwa cumi na 1, 2009 - 15:13 GMT
 
Sangira n,incuti   Ayasohoka neza
Beni McCarthy yasubijwe mu mugwi wa Africa y'epfo
 
Umumenyereza w'umugwi w'umupira w'amaguru wa Africa y'epfo Carlos Roberto Perreira yahamagaje Beni ngo barabe ko hari ico yobafasha.

Afrika y'epfo isanzwe ariyo itegura inkino z'igikombe c'isi zizoba mu mwaka uza, yahamagaje uyu mukinyi w'imyaka 31 ngo yifatanye n'abandi muri urwo rugamba.

Ariko igitanganje ni uko Beni McCarthy ahamagajwe kandi ivyiwe bitifashe neza mu mugwi akinira wa Blackburn wo mu Bwongereza.

Beni ntaratangura urukino na rumwe kuva ihiganwa ritangura, umumenyereza Sam Allardyce akavuga yuko atazotangara niyagurushwa mu kwezi kwa mbere.

 
 
AMAKURU YA NYUMA
 
 
Sangira n,incuti   Ayasohoka neza
 
  Turi bande | Dutere akamo
 
BBC Copyright Logo ^^ Subira hejuru
  Amashakiro | Ikirere| Ibiganiro| Imirongo
 
  BBC News >> | BBC Sport >> | BBC Weather >> | BBC World Service >> | BBC Languages >>
 
  Mfasha | Wenyene