BBC Gahuza

Urupapuro rw'itangiriro > Amakuru

Abu Qatada yafunguwe

Facebook Twitter Google+
13 Ukwa cumi na rimwe, 2012 - 14:20 GMT
Abu Qatada

Abu Qatada yarekuwe vy'agateganyo nyuma y'aho sentare mu Bwongereza yemeje ko ashobora kutaronka urubanza rwiza hamwe yoramuka arungitswe muri Jordania gukurikiranwa ku vyaha vy'iterabwoba.

Yavanywe mw'ibohero rya Long Lartin muri Worcestershire.

Yari amaze hafi imyaka icumi iheze apfunzwe.

Sentare yemeye ibisobanuro yatanze vyo kwanka ko arungikwa muri Jordiania inyuma yo gufata in gingo ko ivyemezo vyatanzwe n'amasura abanjwe gukorerwa amahano bishobora gukoreshwa mu rubanza rwiwe.

Leta y'Ubwongereza yagaye ico cemezo ca sentare ikaba igiye kwunguruza.

Umuvugizi w'umushikiranganji wa mbere David Cameron avuga ko leta ya Jordania yari yabemereye ko urubanza riwe ruzogenda neza mbere ngo irahindura ibwirizwa nshingiro kuri izo mvo.

Leta ya Jordania yamenyesheje ko yifatanije n'iy'Ubwongereza mu kubabazwa n'iyo ngingo ya sentare.

Abu Qatada arindiriwe gusubirirwamwo urubanza muri Jordania aho yagirizwa gufasha mu gutera ibibanza vy'Abayahudi n'Abanyabulaya mu 1988 na 1999.

Yagiriwe n'ivyaha vy'iterabwoba atahari mu 1999.

Sangira

Email Facebook Google+ Twitter