BBC Gahuza

Urupapuro rw'itangiriro > Amakuru

Abandi bategetsi ba BBC batanze imihoho

Facebook Twitter Google+
12 Ukwa cumi na rimwe, 2012 - 13:20 GMT
Abandi bategetsi ba BBC batanze imihoho

Intandaro y'itanga imihoho rya bamwe mu bategetsi ba BBC, n'ikiganiro kijanye n'uruhara ruvurwa ku wahoze ar'umukozi wa BBC mu kiganiro ca Newsnight, Jimmy Savile, yitavye Imana umwaka uheze, akekwako yahohoteye abana.

Itanga imihoho ry'abo babiri rikurikiye iry'umuyobozi mukuru wa BBC George Entwistle.

Mr Entwistle yakuye meza inyuma y'ikiganiro caciye kuri Television ya BBC, cagiriza uwahoze ar'umunyapolitique ko afise uruhara mu guhohotera abana.

Umuyobozi mukuru nfatakibanza wa BBC Tim Davie, yavuze ko aza gusobanura ibijanye n'ibura ry'amabwiriza atomoye mu gutunganya amakuru ndetse no gukwirikirana neza uburyo akorwa.

Sangira

Email Facebook Google+ Twitter