Samuel Eto'o muri Everton

  • 27 Ukw’umunani 2014
Samuel Eto'o
Samuel Eto'o

Rutahizamu w'umunyacameroun, Samuel Eto'o ufite imyaka 33, yagiye muri Everton avuye muri Chelsea.

Iyi mirwi yombi ikazakina mu mpera z'iki cyumweru mw'irushanwa ry'umupira w'amaguru ryo mu Bwongereza.

Samuel Eto'o akurikiye Mario Balotelli, umutaliyani wageze ejo muri Liverpool avuye muri AC Milan yo mu Butaliyani.

Balotelli nawe yaje akurikira umunyargentine Angel Di Maria, waciye umuhigo mu kugurwa amafaranga menshi hano mu Bwongereza, nyuma yaho Manchester United yemereye guha Real Madrid amapound agera kuri miliyoni 59 (£59.7m) cyangwa amadolari y'Amerika akabakaba miliyoni 100 ($100m)

Umwongereza Frank Lampard we yatangaje ko asezeye ku mikino mpuzamahanga.