Umutoza mushya muri Manchester United

  • 19 Ukw’indwi 2014
Louis Van Gaal agiye gutoza Manchester United

Manchester United yatangaje ko Louis Van Gaal ariwe mutoza wabo mushya.

Van Gaal - ufite imyaka 62 - utoza ekipe y'Ubuholandi, azakomeza muri uwo mwanya kugera irushanwa ry'igikombe cy'umupira w'amaguru cy'isi muri Brezil rirangiye.

Uyu mugabo yatsinze ibikombe n'amakipe nka Ajax, Barcelona na Bayern Munich.

Umutoza w'agateganyo wa Manchester United, Ryan Giggs, azamwungiriza.

Giggs yatangiye gutoza iyi kipe mu mikino 4 ya nyuma Manchester United imaze kwirukana David Moyes mu kwezi kwa 4.