Clermont imenyerezwa n'umugore

  • 7 Ukw’indwi 2014
Helena Costa
Helena Costa

Umugwi w'umupira w'amaguru wo mu ciciro ca kabiri mu Bufaransa, washizeko umumenyereza w'umugore wo muri Portugal

Niwe mumenyereza wa mbere w'umugore wo kurwego rwo hejuru nk'urwo mu mupira w'amaguru w'abagabo.

Uwo mugwi Clermont, wavuze ko Helena Costa, yigeze kumenyereza imigwi nserukiragihugu ya Qatar na Irake, azotangura akazi mu mahiganwa akurikira.