Kenya yihariye London Marathon

  • 13 Ukwa kane 2014
Wilson Kipsang atsinda London Marathon 2014
Wilson Kipsang atsinda London Marathon 2014

Wilson Kipsang wo muri Kenya niwe yatsinze ihiganwa ryo gusiganwa rya London Marathon mu mwanya wa 2:04:26

Kipsang akaba kandi yeshe umuhigo w'isi mu kwiruka marathon umwanya muto ushoboka.

Mugenzi wiwe w'umunye Kenya, Stanley Biwott niwe yabaye uwa kabiri.

Edna Kiplagat nawe wo muri Kenya niwe yatsinze London Marathon mu rwego rw'abagore.

Yakurikiwe n'uwundi wo muri Kenya nyene, Florence Kiplagat, uwa gatatu aba Turihesh Dibaba wo muri Ethiopia, akaba aribwo bwa mbere yari yirutse marathon.