BBC navigation

Umukuru wa Bayern agiye gupfungwa

Ibiherutse kuvugururwa: 13 ukwa gatatu, 2014 - 13:44 GMT
Umukuru wa Bayern Munich, Uli Hoeness

Umukuru wa Bayern Munich, Uli Hoeness

Umukuru w'umugwi w'umupira w'amaguru wo mu Budage, Bayern Munich, Uli Hoeness, yapfunzwe imyaka itatu kubera kutariha ikori.

Bwana Hoeness, yigeze gutsindira igikombe c'isi akiri muto, yemeye ko atarishe ikori ry'amahera menshi.

Yemeye ko yagomba kuba yararishe ibiro bijejwe ikori mu Budage, amahera imiriyoni 27 z'ama Euro, ku mahera yungutse ku soko y'amafaranga abicishije mw'ibanki yo muri Swisse.

Bwana Hoeness yari yemeye gutanga imihoho muri Bayern Munich, isanzwe ariyo ifise igikombe ca Buruya ca Champions League.

Ariko yaciye yemera kubandanya ako kazi n'amarira menshi, amaze kwumva abakunzi ba Bayern bariko bararirimba izina ryiwe.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.