Britt arashakwa n'Ubwongereza na Congo

  • 20 Ukw’icenda 2013
Britt Assombalanga

Umunyecongo Britt Assombalanga arashakishwa n'Ubwongereza na Congo. Uyu musore w'imyaka 20 yatsindiye umurwi wa Peterborough United ibitego 2 muri 3 yatsinze Bristol City.

Britt Assombalanga yavukiye mucya hoze ari Zaire kw'itariki 6 z'ukwa 12 mu 1992, aza i Londres amaze amezi 8 avutse.

Yatangiye gukina muri Watford mu kwezi kwa 3 kw'i 2012, aza kuvayo ajya muri Braintee atsinda ibitego 5, avayo ajya muri Southend aho yatsinze ibitego 16, ahita agurwa na Peterborough United ku mapound agera kuri miliyoni imwe n'igice.

Mu kwezi kwa 8 yatsindiye agashimwe k'umukinnyi muto wa mbere mu cyiciro cya 2 amaze gutsinda ibitego 7 mu mikino 9.