Ben Johnson: Nari gusiga Bolt

  • 30 Ukw’umunani 2013
Ben Johnson agihiganwa mu 1988
Ben Johnson agihiganwa mu 1988

Umunonotsi yatswe iteka, Ben Johnson, yabariye BBC ko yari gushobora gusiga uwufise umudari w'inzahabu muri Olympic n'isi, Hussain Bolt.

Uwo munye Canada, avuga ko hageze ko agirirwa ikigongwe nyuma yo kwakwa umudari yatsindiye ku metero 100 mu nkino Olympic za Seoul mu 1988, avuga ko afise inguvu nyinshi kurusha umunye Jamaica Bolt.

Johnson ubu afise imyaka 51, avuga ko gukoresha imiti yongera inguvu bizokwama biri mu nkino z'abanonotsi, bashaka kwigerezako kugira batsinde.

Yongeyeko yuko yafashe iyo miti kuko yari azi ko n'abandi yasiganwa nabo bayifata.