Djokovic yasubiye kutsinda Australian Open

  • 27 Ukwa mbere 2013
Novac Djokovic
Novac Djokovic

Nimero ya mbere kw'isi mu mukino wa tennis, Novac Djokovic, yatsinze ihiganwa rya Australian Open ubugira gatatu yikurikiranya.

Uwo munye Serbia yatsinze Umwongereza Andy Murray ama set atatu kuri imwe mu muji wa Melbourne muri Australia.

Djokovic na Murray nibo bakeba bakomeye mu rukino rwa tennis kw'isi muri kino gihe.

Murray yatsinze Djokovic mw'ihiganwa rya US Open mu mwaka uheze.