BBC navigation

Kwitegurira igikombe ca Africa: Umugwi wa Ghana

Ibiherutse kuvugururwa: 7 ukwa mbere, 2013 - 17:45 GMT
John Paintsil ahoza Asamoah Gyan amaze kunanirwa penaliti

John Paintsil ahoza Asamoah Gyan amaze kunanirwa penaliti

Gukinira muri Afrika y'epfo vyibutsa umugwi w’umupira w’amagaru wa Ghana ayo waboneyeyo mu 2010.

Umugwi Black Stars wahushije gato kuba umugwi wa mbere wa Afrika ushikiriye igice gishira ica nyuma c’igikombe c’isi yose.

Ariko warushijwe na Uruguay bateye penaliti inyuma yaho Luis Suarez ahagarikiye umupira n'amaboko imbere y’igoli.

Muri Afrika yepfo, Ghana izosubirayo idafise Michael Essien yasavye imbabazi kugira ngo akorere cane umugwi wa Real Madrid, n’uwahoze ari kizigenza w'uwo murwi John Mensah.

Umumenyereza Kwesi Appiah, yatowe mu kwa kane mu mwaka uheze haheze imyaka ine ari icegera c’umumenyereza, ntazobura kuremerwa n’ico gihugu gikunda umupira, gishaka gutwara igikombe ca Afrika ubwa mbere kuva mu 1982.

Umukinyi Kwadwo Asamoah akina hagati mu mugwi Juventus azoba ari umwe mu bakinyi bakomeye, akizera ko umugwi uzogerageza gukora ibishoboka ngo ushitse ivyo abanya Ghana babarindiriyeko, mu gutwara ico gikombe ubwa gatanu.

Jonathan Mensah yarafashije mu gikobe c’isi yose c’abari munsi y’imyaka 20 mu 2009.

Ubuto bwiwe bufatanije n’ubumenyi bizofasha muri izo ndwi zitatu z'ihiganwa.

Bafise kandi umusatirizi Asamoah Gyan yatanganje mu gikombe c’isi yose, mu kwinjiza ibitsindo bitatu.

Ghana izohura ubwa mbere na republika iharanira Democrasi ya Kongo i Port Elisabeth, isubire ihure na Mali na Niger mu nkino z’imigwi.

Bahushije kenshi mu mahiganwa yaheze, bakaba bashitse mu gice gishira icanyuma mu mahiganwa atatu aheruka, hariho rero icizere ko ubu ari igihe ciza ca Ghana, ku bwa Asamoah.

Ghana yaronse uburenganzira bwo guhiganirwa igikombe ca Afrika mu gutsinda Malawi 3 ku busa, ibitsindo vyinjijwe na Atsu, Annan na Acquah – ico gihugu c’imiliyoni 25 citeze ko umugwi Black Stars usubira gukina umupira usukuye mu mwaka wa 2013.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.