Ferguson: Norwich yari ikwiye intsinzi

Ibiherutse kuvugururwa: 18 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 12:35 GMT
Sir Alex Ferguson

Sir Alex Ferguson

Umumenyereza wa Man United, Sir Alex Ferguson, yakeje Norwich ku ntsinzi yayo ariko avuga ko ata kosa ashira ku bakinyi biwe.

United yatanguye urukino ari iya mbere ku rutonde rwa Premie League, ariko ica ija hasi mu gice ca kabiri c'urukino ku gitsindo ca Anthony Pilkington.

Ferguson yagize ati: "Bari bakwiye gutsinda kuko babikoreye cane.

"Bazibiye neza cane kandi umunyegoli wabo yahagaritse imipira nk'ibiri canke itatu ikomeye cane."

Umunyegoli agira kabiri w'Ubwongereza John Ruddy niwe yari mw'igoli rya Norwich, akaba yarafashe imipira ikomeye ya Ashley Young hamwe n'uwo bakinana akina inyuma, Sebastien Bassong.

Ubu Manchester United ni iya kabiri ku rutonde rwa Premier League, ikaba irushwa inota rimwe n'umubanyi wayo Manchester City.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.