BBC navigation

Chelsea irirndiriye inyishu ku gipimo ca Terry

Ibiherutse kuvugururwa: 12 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 16:58 GMT

John Terry ibubanfu

Terry yari yasubiye mu kibuga ejo yasivye inkino zine zose kubera yari mu gihano, ashika yinjiza igitsindo catumye umurwi wiwe Chelsea unganya na Liverpool 1-1.

John Terry yasekanye na Luis Suarez , amaze kwinjiza igitsindo ciwe ca 50 ku murwi Chelsea, ico gitsindo kigira 29 mu vyo yinjirije mu nkino za Premier League.

Umumenyereza wa Chelsea Roberto Di Matteo yavuze ko bafise ivyizigiro co Terry atababaye cane.

Amaze kwinjiza igitsindo ku munota wa 20, Terry yakuwe mu kibuga amaze nebi cane amaze gusekana na Luis Suarez, aho yakuwe mu kibuga ca Stamford Bridge ku bibando .

Di Matteo avuga ko yababaye kubona Terry atashoboye kuguma mu kibuga amaze gutsinda igitego ca mbere.

Chelsea ubu iri inyuma ya Manchester United amanota atatu, Di Matteo ngo akaba yarababajwe kubona batashoboye kuyakuramwo yose kandi bari bahagaze neza mu rukino, ngo bari bakeneye igitego ca kabiri.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.