BBC navigation

Di Matteo: Gutsinda Man U ni ubutungane

Ibiherutse kuvugururwa: 1 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 12:53 GMT
Robert Di Matteo

Robert Di Matteo

Umumenyereza wa Chelsea, Roberto Di Matteo, avuga ko intsinzi ya Chelsea kuri Manchester United y'ejo ya 5-4 muri League Cup yerekana ko kuwa Mungu barenganijwe.

Abakinyi icenda ba Chelsea batsinzwe 3-2 na United mu rukino rwo mu mpera z'indwi iheze, Javier Hernandez akaba yarinjirije United ica gatatu biboneka ko yaraririye.

Di Matteo yagize ati: "Twashatse kwerekana ko urukino rwo kuwa Mungu rwagizwemwo uruhara runini n'umusifuzi."

Umumenyereza wa United, Sir Alex Ferguson, yakinishije abakinyi bakiri bato ejo, we nyene akaba yiyemeye ko bari bato cane.

Di Mattei yashavujwe cane n'umumenyereza Mark Clattenburg kuwa Mungu nyuma yaho ahereye ikarata Fernando Torres amwagiriza kwigusha, bimuviramwo gukurwa mu rukino.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.