Intsinzi ya Arsenal kuri Reading yayihimbaye

Ibiherutse kuvugururwa: 31 ukwa cumi, 2012 - 15:29 GMT

Walcott yiigina igitsindo

Arsenal yari imaze gutsindwa 4-0 kugeza ku munota wa 35, ariko barakinye kugeza aho biba ngombwa kongera igihe c'urukino, batahana intsinzi ya 7-5.

Igitsindo ca mbere ca Arsenal cinjijwe na Walcott imbere yo kurangiza igice ca mbere c'ururkino cayihaye icizere kiyongera ingoga.

Barinze bagera ku munota wa 89 ariko Reading iri hejuru n'ibitego 4-2.

Mu nyuma hadutse ibitangaza, hahindutse vyinshi.

Igitsindo ca Chamakh catumye Arsenal aja imbere n'ibitego bitanu mu gice ca mbere c'umwanya w'inyongera.

Mu nyuma gato Pavel Pogrebnyak yagarukiye Reading mu kwinjiza igitsindo ca 5.

Ariko ntivyatevye ko Arsenal isubira kuja imbere kubera igitsindo ca Walcott imbere y'uko Chamakh yinjiza ikigira 7 urukino rurangira uko.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.