Evra na Suarez bazohana ukuboko

Ibiherutse kuvugururwa: 19 ukwa cyenda, 2012 - 15:18 GMT
Patrice Evra na Luis Suarez

Patrice Evra na Luis Suarez

Manchester United na Liverpool zizeye ko Patrice Evra na Luis Suarez bazohana ukuboko imbere y'urukino rwo kuwa Mungu i Anfield.

Abajejwe iyo migwi yombi bagize ibiganiro mu gihe baheraheza umwiteguro wo kwizihiza isohorwa ry'icegeranyo ca Hillsborough.

Ubwoba bw'uko hokwaduka ikibazo hagati ya Evra na Suarez, yahagaritswe gukina imikino umunani kubera gutuka Evra amuhora urukoba rwiwe, ntabukiriho.

Iyo migwi ivuga ko bikenewe ko abakinyi bose bubahiriza ico gikorwa, cashize ahabona amakuru yuko abarorerezi baguye i Hillsborough mu 1989, bari gushobora kurokoka.

Umumenyereza wa United, Sir Alex Ferguson, aramaze kumenyesha ko umugwi wiwe uzoshigikira Liverpool uko ushoboye kwose muri ico gikorwa.

Ku munsi wa Mungu, hazoba ibikorwa vyinshi vyo gukeza Liverpool.

Ba kapitene Steven Gerrard na Nemanja Vidic bazorekurira mu kirere ibipurizo 96 imbere y'uko urukino rutangura, vyo kwibuka abo bose bapfuye mu 1989.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.