BBC navigation

Ferguson ntashaka indirimbo zo gutukana

Ibiherutse kuvugururwa: 14 ukwa cyenda, 2012 - 16:19 GMT
Umumenyereza wa Manchester United, Sir Alex Ferguson

Umumenyereza wa Manchester United, Sir Alex Ferguson

Umumenyereza wa Mancester United, Sir Alex Ferguson, yasavye abakunzi ba United n'aba Liverpool guhagarika kuririmba indirimbo zo gutukana.

Liverpool yaraseserejwe itukwa n'abakunzi b'iyindi migwi kubera amahano ya Hillsborough, aho abarorerezi 96 bapfa kubera ubwinshi bw'abantu mu kibuga mu 1989.

Ariko abakunzi ba Liverpool nabo nyene bagirwa no kuririmba indirimbo zerekeye impanuka y'indege yahitanye abakinyi ba Manchester United i Munich.

Bose batukana bibi

Ferguson yagize ati: "Nibaza ko ukwiye kuba umurongo uciye mu mucanga ku bijanye n'ingene abakunzi b'umupira batukana mu ndirimbo."

Umumenyereza wa United ivyo yabivuze mu kiganiro yahaye abanyamakuru imbere y'uko umugwi wiwe uhura na Wigan ejo kuwa Gatandatu.

Yongeye ati: Turi imigwi ibiri ikomeye kandi twari dukwiye gutegera ingorane z'umwe umwe wese. Agateka k'iyi migwi yombi ntigakwiye gutyozwa muri ubwo buryo."

Ibi Ferguson abivuze nyuma y'icegeranyo c'umugwi w'igenga watohoje ivy'i Hillsborough, cerekaniye ko abarorerezi ba Liverpool ata makosa bagize igihe 96 muri bo bahasiga agatwe, bikanagaraga ko igipolisi ca South Yorkishire cahinduye inyandiko zaco.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.