bbc.co.uk navigation

Ferguson: Scholes ntiyokinira Ubwongereza

Ibiherutse kuvugururwa: 16 ukwa kabiri, 2012 - 16:02 GMT
Paul Scholes

Paul Scholes

Umumenyereza wa Manchester United, Sir Alex Ferguson, avuga ko amahirwe y'uko Paul Scholes yosubira gukinira Ubwongereza ari make cane.

Scholes w'imyaka 37, yavyifashemwo neza cane mu nkino indwi kuva aho asubiriye gukina mu kwezi kwa mbere kandi yari yahagaritse.

Umumenyereza wa Tottenham, Harry Redknapp, abonwa na benshi nk'uwuzosubirira Fabio Capello mu kumenyereza Ubwongereza, yavuze ko uwo mukinyi wo hagati yari akwiye gukina mu gikombe ca Euro 2012.

Ariko abajijwe nimba ivyo bishoboka, Ferguson yavuze ati: "Sinibaza ko ivo bishoboka na gatoyi."

Scholes yahagaritse gukinira Ubwongereza afise imyaka 29, nyuma y'igikombe ca Buraya co mu 2004.

Kandi yaranse kugaruka igihe Capello yamusaba ngo asubire gukinira Ubwongereza mu gikombe c'isi co mu 2010 muri Afrika y'epfo.

Ferguson yavuze ati: "Icatumye yanka ni uko hari mu mpera cane.

"Yabona ko abari bashikanye Ubwongereza ku nkino za nyuma ari bo bagomba gukina.

"Nyuma y'imyaka ibiri yanse, gusubira gukinira Ubwongereza nyuma y'imyaka indwi ahagaritse... ni intambwe nini cane."

Ferguson yamenyesheje ko icatumye Scholes ahagarika gukina mu mwaka uheze, ari uko yamubwiye ko niyabandanya umupira azoja akina inkino 25 canke 30 gusa ku mwaka.

BBC © 2012 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.