Ja mw'ihiganwa ry'isi rya BBC World Service

  • 18 Ukw’icumi 2013
global_creative_challenge

BBC World Service yiyunze n'ikigo (YCN) mu gutunganya ihiganwa “Global Creative Challenge”.

Rigamije kurondera abantu bakiri bato bafise impano, bo hirya no hino kw'isi kugira bashikirize ivyiyumviro vy'ukuntu bonagura ishusho ya BBC World Service ku buryo bibaza ko bubanyuze.

Duhamagaje abo bose bari hanze y'u Bwongereza, bafise imyaka iri hagati ya 18-34, ngo bategure igikorwa co kwamamaza BBC World Service kugira ikundwe n'abakiri bato. Uwuzorusha abandi azohabwa agashimwe k'amahera £3,000, abamukurikira nabo bahabwe amahera £1,000 kuri umwe umwe wese.

KANGA NGAHA UJE MW'IHIGANWA

Umva:

Ababa mu Bwongereza ntibemerewe kuja mw'ihiganwa. Guhiganwa bikorwa mu Congereza, canke bikozwe mu rundi rurimi, hagomba gutangwa insiguro yavyo mu Congereza.

Ushaka kumenya izindi ngingo zikenewe, kanda ngaha.

Ihiganwa ritangura: 17 Ukw'icumi 2013

Rihere: 2nd December 2013