Amateka y'agashimwe ka BBC k'umupira w'amaguru

Ibiherutse kuvugururwa: 12 ukwa cumi na kabiri, 2012 - 13:07 GMT
CLICKABLE

Andre 'Dede' Ayew

Uyu mu kinyi w'imbere ku mpande akinira Ghana na Marseille, Andre "Dede" Ayew niwe yatsindiye agashimwe ka BBC mu mwaka w'i 2011.

Uyu musore w'imyaka 21 yaronse ica gatatu c'amajwi yose, akurikira se, Abedi "Pele" Ayew, yatsinze agashimwe ka BBC umwaka wa mbere katangura mu 1991.

Nyuma yo kwigaragaza ku rwego mpuzamakungu mu 2010, aho yatangaza abamuraba mu gikombe ca Afrika n'ic'isi, umwaka w' 2011 niwo Ayew yiyerekanye nk'umukinyi akomeye ku rwego rw'umugwi.

Yahejeje ihiganwa ry'uw' 2010-11 atangue hafi inkino zose mu mugwi wa Marseille, bukaba bwari ubwa mbere kuva atangura gukina.

Asamoah Gyan

Uyu mukinyi wa Ghanaian yarakunzwe canen'abakunzi b'umupira w'amaguru nyuma yo gutsinda ibitsindo bitatu vya Ghana mu gikombe c'isi ca FIFA 2010.

Yananiwe penaliti ku munota wa nyuma w'urukino mu mwanya wongewe, mu ca kane c'ihiganwa Ghana yatsinzwe na Uruguay.

Kiretse gukinira igihugu ciwe Asamoah Gyan yakiniye imigwi mu Bufarasna, Ubwongereza na United Arab Emirates.

Didier Drogba

Ibitsindwo vyaDidier Drogba mu mugwi nserukiragihugu n'iyindi nivyo vyamushikanye ki gashimwe ka mbere ka BBC.

Drogba yatsinze ibitsindo 37 mu kino 40 mw'ihiganwa rya 2009/10 akinira Chelsea, ayihesha ku ntsinzi y'ibikombe bibiri.

Cote d'Ivore yatangaje benshi mu gikombe ca Africa 2010 hamwe n'igikombe c'isi, ariko Drogba yavuzwe hose igihe yakinana ukuboka kwavunitse, anatsinda igitsindo Brazil.

Mohamed Aboutrika

Mohamed Aboutrika yabaye umukinyi wa kabiri w'umugwi wo mu Misiri Al Ahly atsindiye agashimwe ka BBC k'umunyi wa Afrika yarushije abandi mu mwaka, nyuma ya Mohamed Barakat.

Mu 2008 Aboutrika, yatsinze ibitsindo bine vya Misiri mu gikombe ca Afrika. We na Aboutrika, umwe mu bakinyi bakomeye ba Misiri, batsinze iryo higanwa inshuro igira kabiri bikurikiranya.

Muri uwo mwaka nyene, Al-Ahly yatsindiye igikombe ca e CAF Champions League inshuro zitandantu.

Aboutrika yaronse agashimwe ka BBC nyuma yo kuronka amajwi arenze ica kabiri c'amajwi yose.

Emmanuel Adebayor

Uyu mukinyi wa Arsenal akina imbere ayvuze ko abikiye twinshi abakunzi bamutoye mu 2007.

Mu mwaka wa mbere yakiniye Arsenal, yatsinze ibitsindo bine mu nkino cumi.

Adebayor kandi yafashije Togo gushika m gikombe ca Afrika 2006. He tatsinze inshuro 11 mu majonjora - akataraboneka mw'ihiganwa.

Adebayor mu nyuma yakiniye Manchester City, Real Madrid na Tottenham Hotspur.

Michael Essien

Uyu mukinyi wa Ghana yashimiye abakunzi batoye ngo kuko baraba umupira kurusha abakinyi.

Avugako yibaza yuko ukuntu yavyitwayemwo neza muri Chelsea arico catumye atorwa.

Muri Chelsea, Essien afashije uwo mugwi gutsinda Premier League kabiri, hamwe na FA Cups hamwe n'igikombe kimwe ca Football League.

Mohamed Barakat

Mohamed Barakat akinira Misiri ya Al Ahly yabaye umukinyi wa mbere w'umwarabu yatsindiye agashimwe ka BBC .

Umugwi wa wa Barakat Al Ahly, watsinze CAF Champions League mu 2005 n'i 2006.

Al Ahly yakinye inkino 55 zikurikiranya idatsinzwe na rimwe.

Barakat kandi yafatwa nk'umwe mu bakinyi b'ingenzi mu gikombe ca Afrika 2006.

Jay Jay Okocha

Uyu mukinyi w'inararibonye yavuze ko ibi abishimye kurusha ngo kuko bigoye gutsindira agashimwe nk'aka imyaka ikurikirana.

Yemera ko abakunzi b'umupira muri Afrika babandanije kumutora kubera umugwi wiwe, Bolton Wanderers, wahejeje ari uwa munani mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza rya Premiere League.

Mu 2004 Okocha yabaye umukinyi wa mbere mwiza mw'ihiganwa ry'igikombe ca Afrika muri Tunisia.

Jay Jay Okocha

Uyu munye Nigeria yemera ko ari akazi gakomeye yakoze mu kugumiza Bolton Wanderers muri Premier League, katumye atsinda 2003.

Mu kiganiro na BBC yavuze ko ukwizigirwa kwa cane hamwe n'ugukomera kw'akazi arivyo vyatumye avyifatamwo neza mu kibuga.

El Hadji Diouf

M 2002 Senegal yagize ibitangaro mu gikombe c'isi mu gutsinda rurangiranwa kw'isi, Ubufarans mu rukino rwa mbere rw'ihiganwa mu Buyapani na Korea y'ubumanuko.

Senegal yashitse mu ca kane c'ihiganwa, El Hadji Diouf, agaragara nk'umukinyi yabigizemwo uruhara runini.

Uburyo yakinye vyatumywe agurwa amahera meshi aja gukina mu Bwongereza mu mugwi Liverpool.

Diouf aracakina mu Bwongereza aho akinira umugwi Leeds United, nyuma yo kuva muri Blackburn Rovers mu 2011.

Samuel Kuffour

Umunye Ghana Samuel Kuffuor yaronse aka gashimwe mu 2001 nyuma yo gufasha umugwi wo mu Budage Bayern Munich gutsindira igikombe c'i Buraya ca European Champions League.

Kuffuor ico gihe yatsinze igitsindo c'intsinzi mu mwanya wongewemu gikombe ca Intercontinental bagikina na rurangiranwa muri Amerika y'ubumanuko Boca Juniors.

Bayern nayo yatwaye igikombe c'Ubudage inshiro yagatatu yikurikiranya mu 2001.

Kuffuor yarekuwe n'umugwi wo mu Buholandi Ajax mu 2008 mu nyuma aca yugurura urudandazwa muri i Accra.

Patrick Mboma

Patrick Mboma yatsindiye umudari w'inzahabu mu nkino Olympique hamwe n' igikombe ca Africa akinira Cameroun mu 2000, aca atsindira agashimwe ka BBC, igihe kaca gahindura izina ryaho ari African Sports Star rikaba African Footballer of the Year.

Mu kwezi kwa Kabiri 2000, Cameroun yatsinze igikombe ca Afrika itsinze igihugu kiri mu vyakiriye ihiganwa, Nigeria 4-3 ku ma penaliti nyuma y'aho urukino ruhereye ari 2-2.

Hanyuma kwezi kw'Icenda Mboma yatsinze ibitsindo bine, igihe Cameroun yatsindira umudari w'inzahabu mu nkino za Olympique i Sydney.

Uwo mukinyi w'imbere kandi ico gihe yakina mu Butariyano hanyuma aca aja mu Bwongereza no mu Buyapani.

Yahagaritse gukina mu 2005 ubu akaba aza arakurakuranya kuba mu Bufaransa no muri Cameroon.

Nwankwo Kanu

Nwankwo Kanu yatsindiye aka gashimwe ubwa kabiri mu 1999 mu gihe yasubiye kwivyukiranya akava mu bihe bikomeye, agakina ku rwego rweo hejuru, igihe yagurwa n'umugwi wo mu Bwongereza Arsenal.

Uwo mukinyi w'imbere yagumye muri Inter Milan imyaka ibiri nyuma yo kubagwa umutima, akiniye uwo mugwi imikino mike cane.

Mu bihe bikomeye agikinira Arsenal, ni igihe yinjiza ibitsindo bitatu mu minota 17, igihe Arsenal yatsinda Chelsea 3-2.

Nwankwo Kanu

Uwundi munye Nigeria yatsindiye aka gashimwe mu 1997 mu ghie Nwankwo Kanu yagarutka ahejeje kubagwa umutima, agasubira gukinira umugwi wo mu Butariyano Inter Milan.

Kanu basanze afise ikibazo c'umutima nyuma yo gufasha Nigeria gutsindira umudari w'inzahabu mu nkino za Olympic mu 1996 - yabagiwe i Ohio muri Amerika, kandi bigenda neza.

Mu kwezi kwa Kane yari amaze gukinra bikwiye, asubira gukinira Inter Milan na Super Eagles.

Kanu yakinye ku rwego rwo hejuru mu Bwongereza, akinira Arsenal, West Bromwich Albion na Portsmouth.

Emmanuel Amuneke

Emmanuel Amuneke yatsinze igitsingo co mu minota y'inyongera aha intsinzi Nigeria, irivyukiranya yari yatsinzwe, ica iba igihugu ca mbere co muri Afrika gitwaye umudari w'inzahabu muri Olympiqu mu mupira w'amaguru.

Ivyo Amuneke yakoze vyashimishije umugwi wo muri Espagne, Barcelona, uca uramugura ava muri Portugal aho yakinira Sporting Lisbon.

Amuneke ubu afise ishure ryiwe ry'umupira w'amaguru i Lagos, akaba kandi ari umufasha w'umumenyereza w'umugwi wa Nigeria w'abatarengeje imyaka 17.

George Weah

Agashimwe ka BBC ni kamwe muri twinshi umunye Liberia, George Weah, yatsindiye. Kiyongerako ak'Isi, ak'i Buraya hamwe n'aka Africa.

Gukina neza wa Weah ntikwatumye gusa aronka udushimwe, kuko yanaronse akaryo ko kuva mu mugwi wo mu Bufaransa Paris St Germain aja gukinira uwo mu Butariyano AC Milan.

Nyuma ya'ho ahagarikiye gukina, Weah lygaiye muri politike. Naho yatsinzwe mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu 2005 agatsindwa na Ellen Johnson-Sirleaf, yabandanije politike.

Zambia national team

Umugwi nserukira gihugu wa Zambia waronse aka gashimwe mu 1994 nyuma yo kwivyukiranya nyuma y'isanganya ry'indege mu 1993 ryahitanye abakinyi 18 hafi y'inkengero za Gabon.

Umugwi wa Chipolopolo wasubiye kwubakwa, ushika mu rukino rwa nyuma rw'igikombe ca Afrika muri Tunisia, aho watsinzwe 2-1 na Nigeria.

Zambiyahavuye itwara ico gikombe muri uno mwaka.

Abedi Pele

Abedi Pele yatwaye agashimwe ka mbere ka BBC African mu 1991, igihe yakinira umugwi wo mu Bufaransa Marseille.

Muri uwo mwaka nyene yatsindiye kuba umukinyi wa mbere mwiza muri Afrika n'ikinyamakuru France Football magazine.

Yafashije Ghana gushika mu rukino rwa nyuma rw'igikombe ca Afrika muri Senegal aho batsindwa ku ma penaliti na Cote d'Ivoire, ariko ntiyakinye urwo rukino kuko yari yahanywe.

Abedi ubu ni umugwizatunga iwabo i Accra kandi afise umugwi wiwe w'umupira w'amaguru, Narnia FC.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.