Amasanamu y’ihanahanwa ry’urumuri rwa Olympic

Ibiherutse kuvugururwa: 18 ukwa gatanu, 2012 - 11:09 GMT

Amasanamu y’ihanahanwa ry’urumuri rwa Olympic.

  • Isanamu y’umupfasoni afise urumuri rwa Olumpic igihe yariko baragira imyimenyerezo yo kwambara hamwe n’amasanamu.
    Urubeya rya Olympic rwadomekewe mu Bugiriki, ruzoshika mu Bwongereza itariki 18 z’ukwa gatanu 2012. Bukeye, hazotangura urugendo rwo guhanahana urwo rumuri rw’imisi 70 mu bisagara birenga 1000, rutwawe n’abantu bashika 8000. Raba bimwe mu bibanza bizokwerekanwa mu gihe hazoba hariko haraba urwo rugendo. Photos: LOCOG/VisitBritain.com
  • Ikimenyetso cerekana Land's End, Lands End, Cornwall, England.
    Umusi wa mbere, kuwa 19 ukwezi kwa gatanu- Land’s End, Cornwall, England. Isaha imwe yo mu gitondo yo mu Bwongereza, urumuri rwa mbere ruzodomekwa n’urumuri ruvanywe I Olympia. Mu ntara ya mu bumanuko bushira uburengero bw’Ubw2ongereza, Land’s End ni ikibanza kibereye ko urwo rugendo rwo guhanahana urwo rumuri rutanguramwo.. photo: VisitBritain.com
  • Umugambi Eden ni urukurikirane rw’ibiterwa vyavuye hirya no hino kw’isi, wuguruwe mu kwa gatatu 2001 muri St Austel, Cornwall, England.
    Umusi wa mbere, kuwa 19 ukwezi kwa gatanu-umugambi Eden, Corwall, England. Uwo mugambi uri iruhande ya St Austel muri Carwall, waranguwe nka kimwe mu vyerekanywe mu guhimbaza ikimpumbi mu mwaka 2000, bakaba bubatse mu bwoko bw’ibumba ry’Ububushinwa, kugira ngo abantu bategere ivyerekeye ibidukikije. Uwutwaye urumuri azoba ari mu kintu kimeze nk’umupira mu kirere afise n’urubeya.. Photo: VisitBritain.com
  • Pulteney Bridge and the River Avon, Bath, North East Somerset, England.
    Ku musi ugira5, ku wa 23 ukwezi kwa gatanu-Bath, England. Ahantu hazwi nk’aho abaromani bogera hamwe n’amashuha, n’ikibanza mpuzamakungu catoranijwe na UNESCO, igisagara ca Bath gifise inyubakwa ziteye igomwe. Ibivugwa mu bitabo bibiri vya Jane Austen vyabereye muri ico gisagara kandi ni na ho yabaye kuva mu 1801 gushika 1806.. Photo: VisitBritain.com
  • Ibisigarira vy’ingoro ya Dolwyddelan bikikujwe n’ahantu hateye igomwe muri park ya Snowdonia, Dolwyddelan, Conwy, Wales.
    Umusi ugira 11, ku wa 29 ukwezi kwa gatanu- muri park ya Snowdonia, Wales. Agasunwe k’umusozi wa Snowdonia kari ku kilometero kirenga uvuye kw’ibahari, ukaba ari wo musozi wa mbere muremure muri Wales, no mu Bwongereza. Urwo rumuri ruzoba ruri mu mbehe mw’igari ya moshi yunguruza abantu ibajana kw’isonga ry’uwo musozi. Photo: VisitBritain.com
  • Radio satellite, Jodrell Bank, Cheshire, England
    Umusi ugira 13, ku wa 31 ukwezi kwa gatanu – Jodrel Bank, Cheshire, England. Icuma barabiramwo mu kigo c’abahinga karuhariwe ni kimwe mu vyuma binini barabiramwo ibirere kw’isi yose. Cubatswe mu ci mu mwaka 1957, kikaba gifise ubwaguke bw’imtero 76,2. Uwuzoba atwaye urwo rumuri azurira kuri ico Cuma bace babafata amasanamu barufise mu minwe. Photo: VisitBritain.com
  • Igishusho cagizwe na    Anthony Gormley , Crosby Beach, Merseyside, England
    Umusi ugira uwa 14, kuwa 1 ukwezi kwa 6 – Crosby Beach, England. Ibishushanyo vy’abantu 100 bitonze umurongo ku birometero birenga bitatu uvuye ku kiyaga. Urumuri ruzoca ahitwa Sefton, mu maso y’ibishusho vya Anthony Gormley. Photo: VisitBritain.com
  • Ibigirwamana bitatu vyo mu Bugiriki barabira ku kiraro ca Mersey Ferry, Liverpool, Merseyside, England.
    Umunsi ugira uwa 15, ku wa 2 ukwezi kwa , Liverpool , England. Loverpool yagenywe nk’ibanza mpuzamakungu ca UNESCO kubera amazi ahari ava hejuru cane, ikaba ishobora kuba izwi cane kubera abaririmvyi b’umugwi Beatles hamwe n’umugwi rurangiranwa w’umupira w’amaguru, Liverpool FC. Photo: VisitBritain.com
  • Isle of Man TT race cars and crowd
    Umusi ugira 15, itariki 2 ukwezi kwa gatandatu –Isle of Man, England. Isiganwa ry’amamodoka ry’igikombe c’ikinjana c’ubukerarugendo riba buri mwaka mu kwezi kwa gatanu n’ukwezi kwa gatandatu. Umwe mubatwaye urwo rumuri azotwara urwo rubeya ari mu modoka yuguruye.
  • Giants Causeway, County Antrim, Northern Ireland
    Umusi ugira 17, ku wa 4 ukwezi kwa Gatandatu – Giant’s Causeway, Northern Ireland. Ico kibanza ca Northern Ireland n’ahantu hari inking zifatanye zishika 40,000, ari na zo zatumye haba ikibanza ca mbere mpuzamakungu kigenywe mu mwaka 1986. Uwutwaye urumuri azofatwa amasanamu ari kuri izo nkingi, ziri ku nzira igana ku kiyaga. Photo: VisitBritain.com
  • St. Patrick's Cathedral, Dublin, Ireland
    Umusi ugira 19, ku wa 6 ukwezi kwa gatandatu – Dublin, Ireland. Umugwa mukuru w’igihugu ca Ireland, Dublin wabayeho haraheze imyaka 1,000, ukaba wavuye mu kigwati gito c’aba Viking, gushika kibe umugwa mukuru ukomeye. Mu bantu rurangiranwa bo ngaho i Dublin harimwo Oscar Wilde, umugwi w’abaririmvyi ba rock U2 na Arthur Guinness, yashinze ikinyobwa kizwi cane kwisi ca Guinness. . Photo: Jim Linwood
  • Castle by Loch Ness, Urquhart Castle, Highland, Scotland
    Umusi ugira 22, ku wa 9 ukwezi kwa gatandatu – Inverness, Scotland. Day 22, 9 June - Inverness, Scotland. Ikibanza gitekanye kandi gitey’igomwe co mu misozi ya Scotland, uyu niwo muji wo ku mpera z’amaja ruguru y’igihugu c’Ubwongereza, hazwi cane cane nk’ikibanza ca Losh Ness, abandi bakunda kuhatazira “Nessie”. Photo: VisitBritain.com
  • The Castle, Edinburgh, Lothian, Scotland
    Umusi ugira 26, ku wa 12ukwezi kwa gatandatu –Edinburgh, Scotland. Ni ho harangwa ingoro nini ya Edinburgh, aho urumuri rwa Olympic ruzokwakirwa, UNESCO ikaba yarahatoranije nk’igisagara c’abandanditsi na mpuzamakungu, cakira amahayanishwa akomeye. Photo: VisitBritain.com
  • Anthony Gormley's Angel of the North
    Umusi ugira 29, ku wa 16 ukwezi kwa gatandatu- Gateshead – England. Ikibanza kiri iruhande ya Newcastle, i Gateshead ni ho hari igishusho ca Anthony Gomley ciswe Angle of the North, gipima amatoni 200, kikaba kireha n’imetero 20, amababa yaco akaba afise imetero 54. Photo: Bonita Suraputra
  • Hadrian's Wall winding it's way over the Northumbrian landscape, Hadrian's Wall, near Housesteads, Northumberland, England
    Umusi ugira 29, ku wa 16 ukwezi kwa gatandatu – Hadrian’s Wall(iruhande ya Housesteads, England). Ikibanza mpuzamakungu cubatswe mu mwaka 122 inyuma y’ivuka rya Yezu Kristu, ku ntwaro y’igikomangoma c’umuromani Hadrian. N’uruhome ruri ku rubibe rwari rukingiwe cane, rukaba rwari rufise uburebure bw’ibirometero 120. Ubu, haracasigaye igice kitari gito c’urwo ruhome, cane cane igice co hagati. Photo: VisitBritain.com
  • Low Wood Hotel jetty on Lake Windermere in the Lake District, Lake Windermere, Cumbria, England.
    Umusi ugira 34, ku wa 21 ukwezi kwa gatandatu – Windermere, England. Muri ici gihe ku kiyaga ca District, urubeya ruzojabuka Windermere ruvuye Waterhead ruja Bowness-on-Winderemere ruri mu bwato, ruri mu mu bimuri biri mu mbehe. Photo: VisitBritain.com
  • Igishusho ca Robin Hood, Nottingham Castle, Nottingham, England.
    Umusi ugira 41, ku wa 28 ukwezi kwa gatandatu – Nottingham. Ikibanza c’intibagiranwa kubera gifitaniye isano n’umugani wa Robin Hood, bivugwa ko yabaye mw’ishamba rya Sherwood akaba yaza ariba abatunzi ivyo afashisha abakene. Ingoro ya Nottingham n’ikibanza kizwi muri kahise kivugwa muri uwo mugani wa Robin Hood akaba ari ho hatanguriye intambara yo mu Bwongereza. Photo: David Telford
  • Abapfasoni babiri basangiye umutaka i Black Country Living Museum, Dudley, England.
    Umusi ugira 43, ku wa 30 ukwezi kwa gatandatu – Black Country Living Museum, Dudley, England. Habayeho nk’icibutso co gushima ibikorwa vy’akaranga n’amahinguriro vy’ubwongereza, izo nyubakwa uzibwirwa n’inyamabaro z’abanyamyuga. Abatwaye urumuri bazogendera mu bwato no mw’igariyamoshi. Photo: Jo Heffernan
  • Ikibanza Shakespeare yavukiyemwo, Stratford Upon Avon, Warwickshire, England.
    Umusi ugira ugira 44, ku wa 1 ukwezi kw’indwi – Stratford-Upon-Avon, England. Isoko iri mu gisagara imaze imyaka irenga 800, aho umwanditsi w’ibitabo n’ivyese William Shakespeare yavukiye, agakurira. Ubu ni ho hari ishirahamwe rya Royal Shakespeare. Photo: VisitBritain.com
  • St John's College, Cambridge, England
    Umusi ugira 50, kuwa 7 ukwezi kw’indwi – Cambridge, England. Ni ho hari kaminuza rurangiranwa ya Cambridge. Urumuri rwa Olympic ruzoba ruri mw’ihiganwa rizwi cane rya Great Court Run in Trinity College, ryanakinywe mw’isinema mu 1981 ya “Chariots of Fire', hanyuma ruzoce rubandaniriza mu bwato mu ruzi rwa Cam. Photo: VisitBritain.com
  • View over Oxford spires, Oxford, Oxfordshire, England.
    Umusi ugira 52, ukwezi kw’indwi – Oxford, England. Haramenyekana muri kahise kandi hakaba ari ho havuka Winston Churchill. Ushobora kubona aho Harry Potter yagiye araca kubera kaminuza ya Oxford yakoreshejwe mu masinema yakinye. Photo: VisitBritain.com
  • Stonehenge, Wiltshire, England
    Umusi ugira 55, ku wa 12 ukwezi kw’indwi – Stonehenge, Wiltshire, England. Ico kirundo c’amabuye kizwi ko cegeranijwe hagati 4000 na 5000 iheze, kandi ico kibanza kikaba carashizwe mu bibanza mpuzamakungu mu mwaka 1986. Photo: VisitBritain.com
  • Waterfront at Portsmouth Harbour with the Spinnaker Tower (the tallest public viewing tower in the UK), Portsmouth, Hampshire, England.
    Umusi ugira 58, ku wa 15 ukwezi kw’indwi – Portsmouth, England. Ikivuko mpuzamakungu kiriho kuva mu mwaka wa 1180, cagize uruhara ruhambaye muri kahise , harimwo n’ i ntabara ya nyuma ya Nelson I Trafalgar n’ igwano zo mu mazi zitegura Umunsi nyezina wo gushika I Normandi mu Bufaransa Photo: VisitBritain.com
  • White cliffs in Dover, England.
    Umunsi ugira 61 , ku wa 18 ukwezi kw’ indwi - Dover, Englnad. Hamyekana kubera imitumba ihanamye no kuba hari ikivuko gicamwo abantu benshi kw’isi. Ico gisagara ciswe Gateway to Britain kandi hakaba ariho habereye intambara kuva imbere y’uko abaromani bahigarurira.
  • Big Ben and the Houses of Parliament at dusk, Southbank, London, England.
    Umusi ugira 64, ku wa 26 ukwezi kw’indwi – London, England. Urumuri ni ho ruzoshika ku mugwa mukuru ruce rutemberezwa mu maquartioers atandukanye mu kiringo c’imisi itandatu, rishike mu mutima w’igisagara ca London hazwi cane I Westminster, ahasanzwe hari ibibanza bikomakomeye nk’inama nshingamateka n’inyubakwa za Big Ben. Photo: VisitBritain.com
  • Ishusho y'ikibuga ca Olympic uko kiboneka uri mu kirere, Stratford, mu buseruko bwa London
    Umusi ugira 70, ku wa 27 ukwezi kw’indwi – Olympic Satdium, Stratford, East London. Ikibuga ca Olympic kizokwakira inkino z’abanonotsi n’abamugaye mu nkino zitegekanijwe I Londres mu 2012, haba mu gutangura canke mu kuzisozera. Ico kibuga kiri mu bumanuko bwa Olympic Park, kikaba cubatswe mu kiringo kiri musi y’imyaka itatu.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.