Kurwanya canseri
-
Kathy n’umugore w’imyaka 58 yakize cancer aba i Cape Town muri Africa y’Epfo n’ubu akivurwa kugira atangirize iyo cancer ntizosubire kugaruka. Iyi foto yafashwe mu mwaka uheze aho yamenyeshwa ko yakize. Kathy n’umugore w’igitangaza mu gukomera. Inguvu ziwe yazikuye ku kuntu yashigikiwe n’umugabo wiwe Ian hamwe n’abana biwe batatu n’umuryango wose. Iyo foto yafashwe na Jeanette Verster wo uri Amerika.
-
Zain yakize cancer. Yambara agatambara gatukura kuko ari mu bagize umugwi witwa the Hope. Baja gusuhuza abarwayi ba cancer cane cane ababa baheruka gutorwa iyo ndwara kuko mu ntango bigorana cane, arabayagira ingene nabo vyabagendeye, ingene bagwanye na chimiotherapie n’ingene bagenjeje kugira ntibahagarike. Ntibahevye aho bakiriye , babandanije kugendera abarwayi mu nyuma bunga imigenderanire ikomeye cane. Hope Group bashigikirwa n’abo mu bitaro hamwe n’ikigo co kurwanya cancer co muri Arabia Saudite. Ifoto ya Abduljalil Al-Nasser, Arabia Soudite.
-
Abduljalil Al-Nasser, Arabia Saudite: Abdullah Dhaim (Abu Waleed) afise imyaka 75, nta myaka myinshi iheze atowe cancer mu rura rukuru. Yarigumije cane hanyuma aho akiriye aca atangura kugendera abandi barwayi ba cancer kugira abigishe ingene bavyifatamwo yongere abaremeshe. Umugore wiwe nawe nta myaka myinshi iheze atowe cancer yo mu gitigu. Abagore benshi bavuga ko igihe batorwa cancer abantu baciye batangura kwanka kubaramutsa no gusangira nabo canke kubakorako mu buryo ubwari bwo bwose. Muri Arabia Saudite hari abibaza ko cancer yandukira canke naho bakagira ubwoba bwinshi. Ifoto ya AbduljalilAl-Nasser, Arabia Saudite.
-
Matt Edwards: Uwu ni mama wacu Darlene Graczyk w’I Bloomington, Illinois muri Amerika. Darlene yari afise ubwoko bubiri bwa cancer yo mw’ibere. Amaze kuvurwa iyo cancer kabiri, agakorerwa chimiotherapie hamwe n’uguturirzwa imishwarara, yarapimwe basanga nta cancer agifise. Ubu ntawumurusha gukomera. Turagukunda twese.
-
Kathy Rymes (i bubamfu) yatowe cancer yo mw’i bere mu 2009. abwira abarwaye cancer ko bokwama bibuka ko atari vo bonyene kandi ko kuronka uwo muvugana bikenewe cane mu nzira yo gukira. Michelle White-Malcolm (i buryo) yatowe cancer yo mw’i bere uwo mwaka nyene. Michelle avuga ko abarwayi bakwiye kushikiriza ubwoba bafise hanyuma abandi bakabafasha. Izi foto zafashwe na Scott Hussey wo muri Amerika akaba ari mu yagize igitabo citwa Living Through Cancer











