UK: Harategurwa igitero cy'abaterabwoba

  • 29 Ukw’umunani 2014
Theresa May
Theresa May

Leta y'Ubwongereza yatangaje ko hari igitero cy'abaterabwoba gitegurwa kugabwa mu Bwongereza kubera ibibera muri Syria no muri Iraq.

Umushikiranganji w'ubutegetsi bw'igihugu Theresa May yavuze ko leta yazamuye igipimo cy'iterabwoba kijya ku rwego rwa kabiri rukirikira urwo hejuru.

Yasabye abantu kwitonda ariko avuga ko inzego z'ubutasi zitavuga ko icyo kitero kiri hafi cyane.

Leta y'Ubwongereza yakomeje kugaragaza impungenge z'abantu bafite ubwenegihugu bw'Ubwongereza bajya mu mitwe y'impirimbanyi yo muri Syria no muri Iraq, barangiza bakagaruka gutegura ibitero hano mu Bwongereza.