HCR yatanguye gufasha impunzi za Iraq

  • 20 Ukw’umunani 2014
Impunzi z'abanya Iraq

Igice ca mbere c'infashanyo kirimwo amahema 3000, n'ibikoresho vyo gukinjika 1900, vyarungitswe mu muji wa Irbil.

Infashanyo kandi iri mu nzira ijanwa muri Iraq hakoreshejwe amayira yo mu mazi n'ibarabara.

Imodokari zirenga 170 zitwaye amahema, uburengeti n'ibikoresho vyo mu nzu ziciye ku rubibe n'ibihugu vya Turkiya, Yordaniya na Irani.

Abakozi bo mu mashirahamwe y'abagiraneza bavuga ko batangajwe no kubona ibitigiri bingana gutyo vy'abanya Iraq bataye ingo zabo kubera abarwanyi ba "Islamic State".