Ikigo bavuriramwo Ebola i Monromvia cibwe

  • 17 Ukw’umunani 2014
Abajejwe umutekano mu karere karangwamwo ebola muri Liberia
Abajejwe umutekano mu karere karangwamwo ebola muri Liberia

Ikigo bavuriramwo ebola ku murwa mukuru wa Liberia, Monrovia, catewe kirasahurwa.

Abantu bari hagati ya mirongo ibiri na mirongo itatu bariko barapimwa ebola, vyibazwa ko batorotse ico kigo kiri mu karere gatuwe cane, igihe casahurwa ejo kuwa gatandatu.

Abateye ico kogo bagomba kuba batewe ishavu n'uko cubatswe mu muhana wabo.

Abantu barenga amajana ane barishwe na ebola muri Liberia, abo imaze guhitana mu buseruko bwa Afrika bose hamwe baka barenga igihumbi.