MSF ivuga ko gutsinda Ebola bizofata amezi 6

  • 15 Ukw’umunani 2014
Ikibanza ca MSF kivurirwamwo Ebola muri Guinee

Joanne Lui avuga ko hari hakwiye ubufasha bw'ishami rijejwe amagara y'abantu kw'isi OMS mu kuyobora ico gikorwa.

Avuga kandi ko kugirango ico kiza gishobore gukumirwa, hakwiye gushirwa inguvu nyinshi mu kukirwanya muri Liberia.

Avuga ko hakenewe cane cane abantu bafise ubumenyere muriico gikorwa co kurwanya Ebola, babikozemwo, aribo bakenewe, bagafashanya n'abahinga.

Joanne Lui avuga kandi ko hamaze gupfa abakozi 80, nayo abagera ku 170 bandukiwe.

Ibitaro n'amavuriro ya MSF nayo ngo yuzuye abarwayi ba Ebola.