Imiduga y'Uburusiya hafi y'urubibe na Ukraine

  • 14 Ukw’umunani 2014
Imwe mu modokari z'Uburusiya zigemuye muri Ukraine

Umunyamakuru wa BBC Steve Rosenberg, ariko arakurikira izo modokari, avuga ko zakebeje ziva mw'ibarabara rikuru, aho ku mutaga w' uyu munsi zari zigeze ku km 30 n'urubibe.

Igishobora gushika igihe izo kamyo zizoba zimaze gushika ku rubibe ntikiramenyekana.

Ejo, ubutegetsi bwa Ukraine bwazihakaniye kwinjira ku butaka bw'ico gihugu, aho bavuze ko ico gikorwa co gutanga infashanyo kibwirizwa kugenzurwa no guhagarikirwa n'umuryango ujejwe gutabara imbare Croix Rouge.

Leta ya Kiev ntishira amakenga iki gikorwa c'Uburusiya, ikavuga ko Uburusiya bushobora kucinyegeza inyuma, mu kuja mu bikorwa vya gisirikare mu buseruko bwa Ukraine.

Abanyapolitike bamwe bo ngaho mu buseruko bwa Ukraine, bavuga ko iki gikorwa c'Uburusiya ari nk'agasuzuguro.

Leta ya Moscow yo ivuga ko ivyo ataho bifatiye, kandi izoruka ishikanye izo nfashanyo.