Itohoza mu kibanza indege MH17 yaguyemwo

Abahinga mw'itohoza barakizura ibisigarira vya MH17

Bazokwibanda ku gutoratora ibisigarira vy'imibiri y'abahasize ubuzima.

Abahinga 70 bari kumwe na indorerezi z'ikigo gishinzwe umutekano mu bumwe bwa Bulaya OSCE, bamaze kabiri muri ico kibanza.

Hafi yaho intambara zirakomeza hagati y'ingabo za leta ya Ukraine n'abayirwanya, barerwa ko aribo bakoroye iyo ndege.

Umuvugizi wa OSCE avuga ko vyabaye ngombwa ko abahinga mpuzamakungu bava mu ruhande rumwe rw'ico kibanza barimwo kubera izo ntambara.