Gaza: Imirwano yagabanutse i Gaza

  • 27 Ukw’indwi 2014
Ibitero i Gaza
Ibitero i Gaza

Imirwano yagabanutse i Gaza ariko ntiyahagaze nyuma yaho umutwe wa Hamas usabiye ko haba ihagarikwa ry'imirwano amasaha 24.

Hari amasasu yarashwe na Israeli i Gaza nyuma yaho ihagarikwa ry'imirwano ritangiye mu gicamunsi, mu gihe umutwe wa Hamas nawo warashe ibisasu bya rokete muri Israeli.

Ariko ubukana bw'imirwano bwagabanutse. Amakuru ataremezwa neza yatangajwe na television ya Israeli aravuga ko impande zombi zumvikanye ko zihagarika imirwano, niba uruhande rumwe ruyihagaritse, n'urundi rurabikora.

Umuyobozi muri Amerika yavuze ko umushikiranganji w'imibano n'amahanga w'Amerika, John Kerry akomeje kwotsa igitutu impande zombi ngo zihagarike imirwano nyuma yaho asubiriye i Washington avuye mu karere k'uburasirazuba bwo hagati.

Abanyapalestine barenga igihumbi, biganjemo abaturage, bamaze kugwa muri iyo mirwano kuva yatangira.