Sudani: Meriam Ibrahim yavuye mu gihugu

  • 24 Ukw’indwi 2014
Mariam Ibrahim yari yaciriwe urwo gupfa, ararekurwa, none yavuye mu gihugu

Amaze kugera iRoma, Meriam Yahia Ibrahim yakiriwe na Papa Francisco.

Papa yavuze ko kudashinguka ku vyiyumviro vyiwe vyagaragaje ukwemera kwiwe nk'umukirisu.

Umufasoni Ibrahim avuga ko yarezwe ari umukirisu, ariko abategetsi muri Sudani bamufata nk'umuyislamu kuko se yari umuyislamu.

Umwunganira imbere y'amategeko yabwiye BBC ko ashobora guca aja muri Leta zunze ubumwe za Amerika, aho umugabo wiwe asanzwe aba.

Birakekwa ko Ubutaliyano bwagize uruhara runini kugirango Meriam Ibrahim ashobore kwemererwa kuva muri Sudani.