Babandanije gutora imivyimba y'abaguye mu ndege ya Maleziya

  • 20 Ukw’indwi 2014
Babandanije gutora imivyimba muri Ukraine
Babandanije gutora imivyimba muri Ukraine

Nyuma y'iminsi itatu indege yo muri Maleziya ikorotse mu buseruko bwa Ukraine, hamaze gutorwa imivyimba 196.

Umuvugizi w'abarongoye ibikorwa vyo gutabara mu karere kagenzurwa n'abegamiye Uburusiya, yavuze ko vyinshi muri ivyo biziga bimaze gushirwa mu buruhukiro buri mu muji wa Tores.

Abantu bashika hafi amajana atatu nibo bari mw'iyo ndege, ica gatatu cabo bakaba bari Abaholandi.

Nyuma y'ikiganiro kuri telefone hagati y'abategetsi b'Ubudage hamwe n'Ubwongereza, Ubufaransa bwagabishije Uburusiya ko buzohura n'ibibazo nibutumvisha abarwanya Ukraine kwemerera abakora itohoza gushika aho indege yaguye.