Sudani y'epfo irizihiza ukwikukira

  • 9 Ukw’indwi 2014
Abantu bambaye imyambaro kama ya Sudani y'epfo bari bitavye ibirori vyo kwikukira
Abantu bambaye imyambaro kama ya Sudani y'epfo bari bitavye ibirori vyo kwikukira

Ibihumbi vy'abantu muri Sudani y'epfo baje kuraba ikarasisi y'abasirikare mu kwigina imyaka itatu iheze ico gihugu kironse intahe yo kwikukira.

Amabarabara y'umurwa mukuru Juba yari yamanitsweko ivyandiko bigira biti "One People, One Nation", bisigura biti: "Abanyagihugu bamwe, igihugu kimwe".

Umutekano wari wakajijwe, abanyamakuru bakavuga ko hasa n'ahari akanyamuneza nyuma y'amezi y'imirwano hagati y'abashigikiye umukuru w'igihugu Salva Kiir n'uwahoze ari icegera ciwe yakuweko, Riek Machar.

Ishami rya ONU ryita ku bana, UNICEF, riramaze kugabisha ko ikiza c'amapfa kiri mu gutera kubera intambara.