Hari abafashwe mu bakekwa kwica Abu Khdair

  • 6 Ukw’indwi 2014
Umunya Palestina Mohammed Abu Khdair, bivurwa ko yapfuye aturiwe

Khdair yanyurujwe akuwe muri Yerusalemu y'ubuseruko, ikiziga ciwe kikaba catowe ku munsi wa gatatu.

Ibimenyetso vya mbere vy'isuzuma ry'ico kiziga vyerekanye ko yapfuye aturiwe abona.

Urupfu rwiwe rwakurikiye inyuruzwa n'yicwa ry'abanya Isirayeli batatu, b'abanyeshure bariko basaba kunguruzwa hafi ya Hebron.

Abantu baharurwa mu bihumbi bitabiriye amaziko ya Mohammed Abu Khdair ku munsi wa gatanu, yabereye hafi y'urugo iwabo mu karere ka Shufat.

Abanyapalestina baharurwa mu majana bakozanijeko n'igipolisi muri Yerusalemu y'ubuseruko, gato imbere y'amaziko.

Umusore w'umunyapalestina afise ubwenegihugu bwa Amerika, mwene wabo na Mohammed Abu Khdair, yari mu bafashwe muri ako kaguma.

Amasanamu yafashwe kuri telefone ngendanwa, yerekanye abasa n'abapolisi babiri ba Isirayeli, bakubita mu mutwe Tariq Khdair, umusore w'imyaka 15, aturuka muri Florida.

Uno munsi umucamanza yavuze ko yari yashizwe mu gasho mu kiringo c'iminsi icenda, mu gihe hakorwa iperereza.

Igipolisi kivuga ko yari mu murwi w'imikangara yatanye mu mitwe n'igipolisi igihe c'imigumuko.

Isuzuma ryakozwe n'abaganga bo muri Isirayeli bari kumwe na Saber Al-Aloul, umuyobozi w'ikigo ca Palestina gishinzwe ubuhinga mw'isuzuma ry'ibimenyetso bifatiye ku bipimo mu buryo bwimbitse.

Ikinyamakuru ca Palestina, Wafa, kivuga ko umushikirizamanza yemeje ko basanze umunyota mu mwanya w'ubuhumekero wa Khdair, bisobanura ko yawuhumetse akiri muzima.

Uwo musore kandi bigaragara ko yababaye mu mutwe, akaba yari afise ubushe ku rugero rwa 90%.

Ivyagaragajwe n'iryo tohoza ntibiratangazwa ku mugaragaro.