Igisasu ku nama nshingamateka ya Somalia

  • 5 Ukw’indwi 2014
Aho umwiyahuzi yaturikirije imodokari yiwe iMogadishu

Abasirikare ba leta babiri n'abana babiri baturuka mu ikambi y'impunzi iri hafi yaho bahasize ubuzima.

Abandi benshi bakomeretse.

Umwiyahuzi yateze ico gisasu nawe camuhitanye, igihe yaturitsa imodokari yiwe amaze kwankirwa kuyinjiza mu kibanza c'inama nshingamateka.

Iyo modokari nyene yari yashatse kwinjira mu kibanza c'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu, ariko ntibayemerera.

Umurwi Boko Haram wishimikiza amategeko ya ki islamu -wiyemeje kurwiza ibitero muri kino gihe ca Ramazani- wavuze ko ariwo wagavye ico gitero.