Meriam Ibrahim aracyafunze

  • 25 Ukwa gatandatu 2014
Meriam Ibrahim hamwe n'umugabo we n'abana baracyafunze

Uburanira Meriam Ibrahim aravuga ko uwo mugore aregwa kuba yarakoresheje impapuro z'urugendo zitemewe n'amategeko, igihe yageragezaga kuva mu gihugu.

Ibi bije nyuma yo gufatwa bundi bushya umunsi umwe arekuwe aho yari yarakatiwe igihano cy'urupfu,

Umuburanira yavuze ko uyu mugore agifungiye ku biro bya polisi mu murwa mukuru wa Khartoum.

Ibiro bihagarariye Sudani y'amajyepfo n’ibyo byahaye madamu Ibrahim urupapuro rw'inzira rwihutirwa, rwa passport, na visa y'Amerika.

Ministeri y'ububanyi n'amahanga ya Sudani yahamagaje abahagarariye Sudani y'amajyepfo na Leta zunze ubumwe z'Amerika.

Umugabo w'uyu mugore akomoka muri Sudani y'amajyepfo, ariko afite ubwenegihugu bw'Amerika.

Mu kwezi gushize Meriam Ibrahim yakatiwe igihano cy'urupfu kubera kuva mu idini rya Islamu.