Canada: Batorotse ibohero na kajugujugu

  • 8 Ukwa gatandatu 2014
Ibohero rya Orsainville, aho abanyororo 3 batorotse bava

Iyo kajugujugu bikekwa ko yoba yerekeje mu burengero ivuye kuri iryo bohero.

Abo bagabo bakekwa ko bafitanye imigenderanire n'umurwi w'abasuma witwa "Hells angels", bakaba bari bakirindiriye urubanza.

Babiri muri bo bafashwe mu 2010 mu mukwabu wo kurwanya abacuruza n'abanywa ibiyayuramutwe.

Mu mwaka uheze, abanyororo 2 baratorotse ibohero aho nyene mu ntara ya Quebec bakoresheje kajugujugu yibwe.

Ariko baciye bafatwa n'igipolisi bamaze amasaha makeyi.