Kwibuka igitero ca Normandie

  • 6 Ukwa gatandatu 2014
Obama yicaranye na Hollande mu birori vyo kwibuka igitero ca Normandie ku ncuro ya 70 06/06/2014

Bariko bibuka imyaka 70 ibihugu vyari vyunze urunani mu ntambara ya kabiri y'isi, bihwikiye ibirindiro vyari vyifatiwe n'Ubutegetsi bw'aba Nazi mu buraruko bw'Ubufaransa.

Igitero c'uwo munsi bise D-Day, nico ca mbere cabaye igikomeye muri kahise.

Perezida Obama yashikirije ijambo inararibonye z'Abanyamerika zarwanye iyo ntambara, ari kw'itongo ry'abapfuye rya Colleville-sur-Mer, aho abanyamerika bagera ku 9000 bazize iyo ntambara hashinguwe.

Yavuze ko intambara yo kugaruza inkengera z'amazi zari zifatiwe n'aba Nazi muri Normandie, yatwaye ubuzima bw'abantu baharurwa mu bihumbi, wabaye umunyago wa mbere wa demokarasi.

Bwana Obama yavuze ko intsinzi y'aho Normandie, yaciriye inzira umutekano n'imibereho myiza vyakurikiye.

Hagat'aho, umutama w'imyaka 89 yarwanye mu ntambara ya Normandie, yari yatangajwe ko yatakaye ,aho asanzwe aba mu nzu y'abasaza, bamusanze aho muri Normandie.

Abakozi bo mur'iyo nzu ibamwo abageze mu zabukuru, bari bavuze ko Bernard Jordan yari yaraye agiye ejo ku munsi wa kane, yambaye imidari amapete n'imidari yiwe ya gisirikare munsi y'ikoti, ariko ntiyagaruka.

Abagenzi biwe bari bavuze ko yagiye mu munsi wo kwibuka aigitero ca Normandie, kandi ko azogaruka.