BBC navigation

Brezil:Itohoza kw'igurishwa ry'ibice vy'umubiri

Ibiherutse kuvugururwa: 6 ukwa gatandatu, 2014 - 14:22 GMT

Abaganga bariko barabaga umuntu akeneye gushirwamwo igihimba (organ transplant)

Iryo shure rizotohozwako ku ruhara ryoba ryaragize mu kugurisha ibihimba vy'umubiri mu kinyegero, vyakuwe mu bantu batashoboye kuronka ababo baja kugaragaza imyirondoro yabo.

Abariko barakora iryo tohoza bibaza ko hashobora kuba harabaye ibibazo nka ben'ivyo ku bantu baharurwa mu 3000, mu kiringo c'imyaka 15.

Kugurisha ibihimba vy'umubiri, n'icaha gihanwa n'amategeko muri Brezil.

Iryo tohoza rishimikiye cane cane ku bajejwe igikorwa co gusuzuma ku coba cahitanye abantu mu gihe bapfuye giturumbuka/mu buryo butari bwitezwe, imbere yo gusohora urwandiko rutangwa na muganga, rwemeza ko umuntu yitavye Imana.

Ico gikorwa kirangurwa n'abo mu gisata c'inyigisho z'ubuganga (faculte de medecine) muri kaminuza ya Sao Paolo.

Barahakana ko ata kintu na kimwe cakozwe nabi, ariko bakemeza ko uburyo bakora buherutse kunagurwa.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.