Perezida Obama yihanangirije Uburusiya

  • 4 Ukwa gatandatu 2014
Perezida Obama ashikiriza ijambo mu kigo c'ishure rya gisirikare ca West Point 04/06/14

Mw'ijambo yavugiye iWarsaw muri Pologne, bwana Obama yavuze ko ibihe vy'intwaro z'ibihangange zikandamiza izindi canke zishimikiza igihagararo, vyarangiye.

Gutyo rero ngo ntibigishoboka ko ibihugu vy'ibihangange bihahaza ibitobito.

Yavuze ko ibihugu vyigenga bikwiye guhagurukira icarimwe bigahangana n'agasotorano k'Uburusiya, yongera ko ko ico gihugu gihakwa kongera guharirwa ivomo n'amakungu.

Mw'ijambo ryiwe rijanye no kwibuka imyaka 25 Pologne imaze yinjiye muri demokarasi, bwana Obama yavuze ko Pologne ari urumuri rw'igihugu kibanyi ca Ukraine.

Perezida Obama yari yabanje kubonana na Petro Poroshenko, aherutse gutorwa nka perezida wa Ukraine, amwemerera infashanyo ya gisirikare ingana na miliyoni zitanu z'amadorari.