Boko Haram yoba yabandanije ibitero

Umukuru wa Boko Haram, Shekau
Umukuru wa Boko Haram, Shekau

Abashinwa babiri bubaka ibarabara baburiwe irengero nyuma y'igitero cabereye aho baba mu buraruko bwa Kameruni.

Aho hantu ni hafi y'urubibe n'uburaruko bushira ubuseruko bwa Nigeria, ahantu Boko Haram ifise icicaro gikomeye.

Umukozi umwe bivugwa ko yishwe.

Hakurya y'urubibe muri Nigeria, abavyiboneye n'amaso bavuga ko abantu cumi n'umwe biciwe mu kindi gitero vyibazwa ko cagabwe na Boko Haram.

Ivyo bitero bibaye mu gihe abakuru b'ibihugu ba Nigeria na Kameruni bari mu nama i Paris yo kwiga uburyo bohangana na Boko Haram.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'Ubwongereza, William Hague, asanzwe ari muri iyo nama, yavuze ko Nigeria na Kameruni bigomba kwongoreza gukorera hamwe.