Abarwanya leta ya Ukaine ntibumviye Putin

  • 8 Ukw’indwi 2014
Abaharanira ukwiyonkora bashaka kamarampaka
Abaharanira ukwiyonkora bashaka kamarampaka

Abashigikiye Uburisiya mu buseruko bwa Ukraine bahisemwo gutora muri kamarampaka yo kwiyonkora kuri Ukraine naho Prezida Putin yabasavye gutenyenya.

Iyo ngingo yafashwe nyuma y'aho abarongoye abigaragamvya i Donetsk n'i Lukansk, bashikirije iyo ngingo ku mugwi urongowe n'abanyagihugu.

Abaharanira ukwiyonkora i Donetsk babariye abanyamakuru ko bidashoboka guhindura itariki ya kamarampaka kuko ari ikimenyetso c'intsinzi.

Leta ya Ukraine ivuga ko ayo matora ateye kubiri n'amategeko, kandi ko ibikorwa vyo guhiga abakora iterabwoba mu buseruko bigomba kubandanya.