ANC yatsinze amatora muri Afrika y'epfo

  • 8 Ukw’indwi 2014
ANC yasubiye gutsinda amatora muri Afrika y'epfo
ANC yasubiye gutsinda amatora muri Afrika y'epfo

Umugambwe uri ku butegetsi muri Afrika y'epfo, ANC, watsinze amatora bimwe bigaragara ku majwi mirongo itandatu n'ane kw'ijana.

Uwo mugamwe ugiye kwongera iyindi myaka kuri mirongo ibiri utwaye Afrika y'epfo.

Mu gihe amajwi nka yose amaze guharurwa, umugamwe uza mu kibanza ca kabiri, Democratic Alliance, ufise amajwi arenga mirongo ibiri n'abiri kw'ijana.

Uwo mugambe biragaraga ko wisununuye kuko warengeje ayo waronse ubuheruka.

Umunyamakuru wa BBC ari muri Afrika y'epfo avuga ko abanye Afrika y'epfo batarakura icizere kuri ANC, naho yavuzwemwo igiturire hamwe n'ubutunzi butifashe neza.